Burundi Information

Abakinyi ba Ninde bazopfa ataco bimariye ?

vendredi 9 décembre 2005 par Webmaster

Abakinyi b’ikiganiro Ninde gica kuri tereviziyo y’uburundi kabiri mu ndwi, ku wa kabiri no ku wa gatanu babayeho nabi cane, bitumwe n’uko ata gahembo keza baronka. Muri abo bakinyi bimirije guhimbaza Yubile y’imyaka 25 bakina ico gikino, nta n’umwe arashobora gushikana umushahara w’amafaranga y’amarundi 30.000.

Iyo umuntu ababonye, usanga bariko baragenda n’amaguru, akuya kabarenze, bategura ibiganiro bakongera bakabikina. Ako kazi k’amananiza bagakorana umwete mwinshi kandi abantu benshi barakunda ico gikino. Umwe muri bo twaganiriye kw’iterefone, avuga ati « ahubwo ni agahomera bunwa. Baduhemba intica ntikize. Ikitubabaza cane na co ni uko benshi baca bafata ivyo bikino vyacu bakabishora hakurya y’amazi, natwe ntihagire ico turonka namba. »

Umurwi Ninde uzohimbaza iyo yubile ku ma genekerezo ya 3 na 4 ruhuhuma, umwaka w’2006, aho uzoshikiriza icese citwa « Ivyar’i magera vyarageruye ».


Accueil du site | Contact | Plan du site | | Statistiques du site | Visiteurs : 7855 / 2157217

Suivre la vie du site rn  Suivre la vie du site ABAKENYERERARUGAMBA  Suivre la vie du site Amakuru   ?

Site réalisé avec SPIP 2.0.10 + AHUNTSIC

Creative Commons License